Igihugu ca Turikiya cakoze igitero mugihugu ca Syria gikurikiranye abarwanyi

Umukuru w’igihugu ca Turikiya,(Turquie), Recep Tayyip Erdogan,kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 9 Gitugutu 2019,yamenyesheje ko abasirikare bigihugu ciwe binjiye mu gihugu ca Syriya gutera ibirindiro vy’abarwanyi baba Kurdes basanzwe barwanya reta yiwe.

Burende z’abasirikare b’igihugu ca Turikiya aho zarizigiye gutera abarwanyi baba kurdes

Ivyo,Erdogan akaba abikoze inyuma yaho mundwi iheze, umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yari yamenyesheje ko akuye abasirikare b’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika mukarere gasanzwe karigaruriwe n’abarwanyi baba Kurdes.

Ibiduga vy’intambara vy’igihugu ca Turikiya vyateye muri Syriya

Ingingo ya Donald Trump yogukura abasirikare ba reta zunze ubumwe za Amerika mu buraruko bw’igihugu ca Syriya ntiyumvikanyweko nabo basanzwe barikumwe mu mugambwe waba Republicains kuberako abarwanyi baba Kurdes baribasanzwe bafitaniye ubucuti budasanzwe n’abasirikare ba reta zunze ubumwe za Amerika.

Ibigwanisho vya basirikare ba Turikiya bateye mu gihugu ca Syriya

Mwomenya ko muntambara zabaye kuri uyumusi hifashishijwe ibirwanisho bikomeye cane ndetse n’indege zikaba zateye amabombe.

You may also like...