Indege ya Ethiopian Airlines yongeye kugira isanganya ihakwa guhitana abantu i Dakar

Indege ya Ethiopian Airlines yari murugendo ruyivana k’umurwa mukuru wa Senegal i Dakar iyijana k’umurwa mukuru wa Mali iBamako ,kuruyu wa 8 gitugutu 2019 yatanguye gusha mwibaba ryayo mugihe yarihagurutse ku kibuga c’indege ca Aéroport international Blaise Diagne i Dakar muri Senegal .

Abajejwe kuzimya umuriro kukibuga c’indege bariko barazimya umuriro mw’ibaba mugihe iMoteur yariko iraka umuriro.

Iyi ndege yagize isanganya yari mu ndege za Companie ya Ethiopian Airlines y’inumero ET908  ikaba yari indege yo mu bwoko bwa Boeing 767.

Gusa iyi ndege ikaba itakoze isanganya rikomeye  kuko abajejwe umutekano w’indege kukibuga c’indege ca Aéroport international Blaise Diagne iDakar baciye bihutira kuyizimya ibaba ryari rimaze gutangura kwaka umucanwa.

Abasanzwe bemenyesha amakuru muri Ethiopian Airlines bamenyesheje ko iyi ndege yabo yagize ikibazo c’imoteur mugihe yarihagurutse ishaka kwerekeza i Bamako.

Iyi mpanuka yiyi ndege ya Ethiopian Airlines ikaba atamuntu numwe  yahitanye  mubantu yari ireruye ibajana kumurwa mukuru wa Mali   iBamako.

Tubibutse ko i company ya Ethiopian Airlines yariheruka kubura Indege yayo ya  Boeing 737 MAX 8 igihe yagira isanganya igenekerezo rya 10 ntwarante  2019 ,ndetse abari muriyo ndege bose bagaca bapfiramwo.

You may also like...