Muri reta zunze ubumwe za Amerika,umugabo yiyemerera ko yishe abantu 93

Mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika ,umugabo w’imyaka 79,azwi kumazina ya Samuel Little,yaremeye ko abajejwe umutekano bagiye kumenya ko ari umwicanyi amaze kwica abantu bashika ku 93.

Samuel Little,umwicanyi kabuharwe wo muri reta zunze ubumwe za Amerika

Ku musi w’Imana igenekerezo rya 6 Gitugutu 2019,ibiro bijejwe iperereza muri amerika,FBI (Federal Bureau of Investigation),vyaremeje ko Samuel Little ariwe mw’icanyi wa mbere mu mateka y’igihugu ca reta zunze ubmwe za Amerika amaze kwica abantu benshi kugiti ciwe gusa atari mu murwi w’abandi.

Nkuko vyiyemerewe na Samuel Little ubwiwe,abantu bashika 93 yabishe kuva mu mwaka 1970 gushika 2005 aho yafatwa n’inzego z’umutekano.

Samuel Little ariko arabazwa n’umukozi wa FBI

Kubwa Samuel Little,abo bantu bose yabishe mu bisagara bishika 19 vyo muri reta zunze ubumwe za Amerika ariko akamenyeshako ibisagara vya Floride,na Californie yabikoreyemwo cane ariko ibisagara vya Miami na Los Angeles nivyo yishemwo abantu benshi.

Abantu batagira aho baba hamwe n’abagore nibo Samuel Little yakunda kwica cane kubera yabafata bitamugoye nagato.

Little ati:abantu benshi nabica ndabanize,abajejwe umutekano baca bibazako abo bantu baba bapfuye biyahuye,ninaco catumye mara imyaka myinshi ntarafatwa.

Samuel Little yarafashije FBI mukumenya abantu yagiye arica kuko yarashoboye gufasha abakora amatohoza gucapa amasura y’abantu yibuka yaramaze kwica,akaba yarashoboye kwibuka amasura ashika 50 y’abantu yishe muri iyo myaka yose.

Ayo namwe mumasura y’abantu Samuel Little yibuka yishe

Little avuga ko hari abantu benshi bafunzwe bagirizwa ubwicanyi batakoze,agasaba ibiro vya FBI gufasha kugira amatohoza kugira abafunzwe kubera we barekurwe kugira abandanye yishure ivyo yakoze kuko kubwiwe abona ko atamuntu yarigushobora gukora nkivyo yashoboye gukora kuko kubwiwe atari ubuhizi yakoze ahubwo yibazako ari Umuvumo.

You may also like...