Umukinyi wa Arsenal,David Luiz kumusi w’ejo azoba ari i Kigali mu Rwanda

David Luiz,umukinyi w’umurwi wa Arsenal wo mucicaro cambere(Primer League), ryo mugihugu c’ubwongereza kumusi w’ejo igenekerezo rya 10 Gitugutu 2019,azoba yagendeye igihugu c’uRwanda.

Umukinyi wa Arsenal David Luiz azoba ari mu Rwanda kumusi w’ejo

Nkuko bitangazwa n’ibimenyeshamakuru bitandukanye vyo mugihugu c’ubwongereza,umukinyi David Luiz w’umurwi wa Arsenal,agiye mugihugu c’uRwanda muntumbero yo gushira mungiro amasezera umurwi wiwe wa Arsenal wagiranye na reta y’uRwanda mu kwezi kwa Rusama 2018.

Mumasezerano yashizweko umukono n’ikigo c’uRwanda kijejwe iterambere,citwa Rwanda Development Board hamwe n’ubuyobozi bw’umurwi wa Arsenal,aho muvyo bemeranije harimwo ivyuko abakinyi b’umurwi wa Arsenal bazoza barakora ingendo mugihugu c’uRwanda kugira n’izindi ngenzi zibonereho akarorero kogutemberera igihugu c’uRwanda,ndetse ayomasezerano akaba azomara imyaka 3.

Twobibutsako kumusi w’ejo nyene,uwahoze ari umukinyi akomeye w’umurwi wa Chelsie,Didier Drogba nawenyene azoba yishikiye muri ico gihugu c’uRwanda aho  ari mubatumire bategerezwa gufata ijambo munama idasanzwe y’urwaruka yiswe Youth Connect izoba irimwo urwaruka rushika ku 10.000 vyo mu mihingo itandukanye yisi.

You may also like...