Habonetse ,umugiraneza wo muri Canada yipfuza gufasha Landry Promoter kuburana no kumuronsa icafungura mugihe ari mu mpimba.

Inyuma yaho umuririmvyi Baraka Olegue benshi bazi kw’izina rya  Delegue General hamwe n’umupaparazi azwi nka Landry Promoter bajaniwe mwibohero rikuru rya mpimba ,umwe mubarundi basanzwe baba mu gihugu ca Canada ,yamenenyesheje ko agiye kuronderera umushingwamanza (avocat )yofasha kuburanira uyu musore Landry Promoter ndetse akanamufasha mu bijanye no gufungura .

Abicishije kurukuta rwiwe rw’urubuga ngurukana bumenyi rwa Facebook ,Boris -Evrard Mucowintore ,yamenyesheje ko yiteguye kugira afashe uyu musore landry Promoter kugira aronke uwumufasha kuburana ndetse binakenewe akamufasha mubijanye no gufungura .

Mu majambo ya Boris -Evrard Mucowintore yagize ati”“Aboba bashikira Landry Promoter, muzotubwire uko twofasha haba kumugemurira canke kumurihira umu avocat !

Muzonyandikire inbox ou via whatsap.
Merci “

Amajambo ya Boris -Evrard Mucowintore kurukuta rwiwe rwa facebook

Boris -Evrard Mucowintore yemeye guha ubufasha Landry Promoter kw’ifoto

Ubu bufasha bwemewe na Boris -Evrard Mucowintore  bukaba bwemerewe Landry Promoter gusa mugihe mugenziwe Delegue General atawuragira ico amuvuzeko.

Tubibutse ko aba basore bose kwari babiri bafashwe bagirizwa gucafuza imico nakaranga k’uBurundi ,Landry Promoter akaba yari umumenyesha makuru yakorera imboneshakure waka light Tv  ikorera kubuhinga bwa none Youtube ,mugihe mugenziwe azwi nka Delegue General yarasanzwe ari umuririmvyi w’umudiho wa HIP HOP .

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook

You may also like...