Rihanna yifatiye mugahanga Trump ,amwita ikijuju cambere cabayeho kuva Amerika yaremwa .

Kumyaka 31  yamavuko ,Rihanna asanzwe afatwa nk’umuririmvyikazi rurangiranwa mu mudiho wa RNB ,akaba n’umwe mu bigeme basanzwe bari mu mwuga wo gukina amareresi hamwe no kwerekana imideri ,yifatiye mugahanga umukuru wa Reta zunze ubumwe za Amerika  bwana Donald Trump ,amwita ikijuju c’umurwayi mu mutwe .

Aya majambo yatangaje abantu benshi  Rihanna  ,yabishikirije igihe yaha ikiganiro ikinyamakuru Vogue Magazine ,kuruyu wa 09 gitugutu 2019.

Naho iki kiganiro cari kigenewe  kuvuga kw’iterambere ry’ibikorwa vya Rihanna haba mu bijanye n’umuziki hamwe no kwerekana imideri ,uyu mwigeme  yahavuye ashiramwo n’ibijanye na Politike ari naho yaciye yifatira mugahanga umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika .

Aya majambo adasanzwe ndetse arimwo ibitutsi n’agasuzuguro ,Rihanna yayashikirje afatiye kwiraswa ry’ikivunga riheruka kubera muri Reta Zunze ubumwe za Amerika mu gisagara ca OHIO hamwe na El Paso i Texas  ariko Donald Trump agasa n’uwutabiha agaciro kuko vyari  vyakozwe n’umuzungu.

Amwe mu majambo Rihanna yabwiye Donald Trump ayacishiije kurubuga rwiwe ngurukana bumenyi rwa Twitter.

Mu majambo yo kwifatira mu gahanga ,uyu mukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika Rihanna yagize ati “The most mentally ill human being in America right now seems to be the president.”

Tubibutse ko uyu muririmvyi atariwe wa mbere yifatiye mu gahanga umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika kuko nabandi baririmvyi bo muri USA bagiye baranegura cane Donald Trump bamuhora ahanini kuba ashira imbere abazungu kurusha abirabure.

You may also like...