Umuririmvyi Fally Ipupa agiye kugaruka guteramisha abarundi mugiteramo

Fally Ipupa,umuririmvyi w’igihangange mugihugu ca Repuburika iharanira demokarasi ya Congo,ndetse no kw’isi yose,yashize ahabona umusi n’igenekerezo azoza guteramisha abarundi ndetse n’abanyamahanga baba mu Burundi.

Umuririmvyi Fally Ipupa wo mugihugu ca repuburika iharanira demokarasi ya Congo

Inyuma y’imisi itarimike avuye ngaha mu Burundi guteramisha abarundi ndetse n’abanyamahanga baba mu gisagara ca Bujumbura,umuririmvyi Fally Ipupa yashize ahabona urutonde rw’ibiteramo yimirije gukora aho azozunguruka mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi,ivyo yise World Tour(Tour du Monde),muri urwo rutonde ntiyibagiye igihugu c’uBurundi.

Kuva igenekerezo rya 6 Kigarama gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2019,umuririmvyi Fally Ipupa azoba azoba ariko arazunguruka mubihugu bitandukanye vyo kw’isi,aho azogenda arakora ibiteramo bitandukanye.

Inyuma y’igiteramo co kurangiza umwaka azokora kw’igenekerezo rya 31 i Kigali mu gihugu c’uRwanda,umuririmvyi Fally Ipupa yahisemwo gutangurira umwaka wa 2020 mu gihugu c’uBurundi aho ku musi wa gatatu (Mercredi) ,igenekerezo rya 1 Nzero 2020 azoba ariko arafasha abarundi kwigina umwaka mushasha.

Ikirangamisi c’ibiteramo c’umuririmvyi Fally Ipupa

Fally Ipupa akaba azoba ashikanye ivyo yari yasize asezeraniye abarundi mu gihe yaheruka ngaha mu gisagara ca Bujumbura ko azogaruka kubera umutima w’urukundo abarundi bamweretse.

You may also like...