Umwana muto w’umurundi yabwiye amajambo Emmanuel Macron,umukuru w’igihugu c’ubufaransa arumirwa

Munama yo kurabirahamwe ingene igihugu c’ubufaransa cokwongera amahera y’imfashanyo gisanzwe gifashisha amashirahamwe yitaho abagendana umugera wa SIDA,Malaria,n’igituntu yariko irabera mu gihugu c’ubufaransa mu gisagara ca Lyon kuruyu wa kane igenekerezo rya 10 Gitugutu 2019,umwana muto w’umurundikazi yafashe ijambo Emmanuel Macron arumirwa.

Amanda Dushime ariko araramukanya na Emmanuel Macron

Amanda Dushime,umurundikazi w’imyaka 18 y’amavuka asanzwe agendana umugera w’ingwara ya SIDA,mugihe yafata ijambo yavuze ati:”Ubuzima bwacu burafise agaciro,nibazako ivyo mudategerezwa kuvyibagira,tubayeho kandi dukura tutabona kazoza kacu neza.”

Kubwa Amanda Dushime,amahera afashishwa abagwaye umugera wa SIDA,ntahagije na gato,asaba ko bategerezwa gushiraho uburyo bukwiye kugira umurwayi wa SIDA ashobore kwivuza neza,kugira ashobore kubaho no kwizera kugira kazoza keza.

Amanda Dushime ahejeje kuvuga ijambo

Inyuma yayo majambo ya Amanda Dushime,umukuru w’igihugu c’ubufaransa Emmanuel Macron yaciye yemera kwongereza ibice 15 kw’ijana (15%),vy’amahera igihugu c’ubufaransa carigisanzwe gifashisha amashirahamwe yitaho abagendana ingwara za SIDA,Malaria n’igituntu mu kiringo c’imyaka 3 yose.

Twobibutsako Amanda Dushime asanzwe ari Ambassadrice w’ishirahamwe “Reseau grandir ensemble”,akaba yamenye ko afise umugera wa SIDA afise imyaka 11 gusa y’amavuko.

 

You may also like...