Cedric Bangy yishuye Alain Nova kumajambo yavuze Kuri Big Fizzo

Inyuma yaho Alain Nova, umumenyeshamakuru w’iradiyo ndera agakura ashikirije amajambo yateye impari kumuririmvyi Big Fizzo,bamwe mu baririmvyi basanzwe bemera ibikorwa vya Fizzo,batanguye kugira ico babivuzeko.

Cedric Bangy,umwe mubaririmvyi babarundi bamaze igihe kirekire bakora umuziki,ndetse akaba adakunda kwihanganira abantu bakengera ibikorwa vy’umuririmvyi,yagize ico ashikiriza kumajambo umumenyeshamakuru Alain Nova yashikirije kumuririmvyi Big Fizzo.

Umuririmvyi w’umurundi Cedric Bangy

Mumajambo yiwe ,umuririmvyi Cedric Bangy yavuze ati:”jewe na Cooperative des Musiciens du Burundi,turamaze kugushimira kubera ibikorwa vyiza ukora mubijanye noguteza imbere umuziki w’uBurundi,ariko kwubahuka Big Fizzo ukamwandikako amajambo nkuko umengo uriko uragaya imyaka 20 amaze mu muziki nkuko ataco vyamumariye kandi wahora uri umwe mubantu bemera ibikorwa  Big Fizzo amaze gukora mu myaka 20,vyatumye ndakubonako uri inryarya.

Kubwa Cedric Bangy,mugukebura Big Fizzo,ntiwari gukoresha amajambo nkarya wakoresheje, kandi ntiwari nokwinjira muri carriere yiwe utazi ingene yamugoye kwubaka.

Umuririmvyi Cedric Bangy,akaba yarangije aha impanuro Alain Nova amusaba gusaba ikigongwe umuririmvyi Big Fizzo .

You may also like...