Repuburika iharanira demokarasi ya Congo indege yaritwaye ibikoresho vy’umukuru w’igihugu yaburiwe irengero

Indege ya Cargo,isanzwe isanzwe ijejwe gutwara ibikoresho vy’umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira demokarasi ya Congo  iyo agiye murugendo hagati mu gihugu yaraburiwe irengero.

Indege ya RDC yo mubwoko bwa Antonov 72 yaburiwe irengero

Ivyo bikaba vyabaye kumusi wejo igenekerezo rya 10 Gitugutu 2019 aho iyo ndege yarivuye mugisagara ca Goma yerekeza kumurwa mukuru ikinshasa yatangura kutaboneka kuvyuma bisanzwe bikurikirana indege iyo igeze mu kirere itanguye urugendo (Radar).

Nkuko biri mwitangazo ryasohowe n’ikigo gisanzwe gikurikirana ivyindege ngaho muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo,iyo ndege yahagurutse ku musi wa kane igenekerezo rya 10 Gitugutu 2019,igihe c’isaha indwi n’iminota 32 (13h32′) kumasaha mpuzamakungu ariko ikaba yaburiwe irengero igihe c’isaha icenda (15h).

Iryo tangazo ribandanya rimenyesha ko iyo ndege yarimwo abantu 8 kandi ko vyari bitegekanijwe ko ishika kumurwa mukuru i kinshasa igihe c’isaha cumi n’iminota 43 (16h43′) kumasaha mpuzamakungu kandi ko abantu bose bari muri iyo ndege atacizere cokurokoka gihari.

Amakuru ava mubegereye ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira demokarasi ya Congo amenyesha ko iyo ndege yarimwo abantu bashika 27 ,icenda muribo baribasanzwe bakorera mu biro vy’umukuru w’igihugu ndetse hakaba harimwo n’umushoferi asanzwe atwara imodoka y’umukuru w’igihugu.

Twobibutsa ko iyo ndege ya cargo ariyo mubwoko bwa Antonov 72,yarisanzwe ikoreshwa n’igisirikare ca Congo.

 

 

You may also like...