Bujumbura,habonetse umukenyezi atwara imodoka yo kwiyunguruza ya Memento ,aba uwambere mu Burundi abikoze..

Mugihe haheruka kuza amamodoka mashasha yo kunguruza abantu n’ibintu   mu gisagara ca Bujumbura ,akazanwa n’ishirahamwe risanzwe ritwara ibintu na Bantu Memento ,zimwe murizo modoka nini  bazanye hari iyisanzwe itwagwa n’umukenyezi.

Hari kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 11gitugutu 2019 ,aho umunyamakuru wacu yagira ibwakwe ryo kunguruzwa n’imwe mu modoka za Memento yari igendeshejwe n’umukenyezi.

Umukenyezi akaba n’umukozi wa Memento mugihe yariko aragendesha imwe mu mamadoka manini manini ya Memento mu gisagara ca Bujumbura.

Iki gikorwa rero cuno mukenyezi co gukora akazi benshi  bibaza ko coba cagenewe abagabo gusa ,cakiriwe neza nabanyagisagara ca Bujumbura ndetse bikaba vyatumye abantu baza kumushengerera igihe yashikana iyi modoka kugituro cama Bus mu gisagara ca Bujumbura.

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook

You may also like...