Bitangaje cane,mugihugu c’ubuhindi,umuganga yasavye abasore babiri kwipimisha imbanyi.

Mu gihugu c’ubuhindi ,umuganga w’umuhinga (specialiste),yasavye ko abasore babiri  basanzwe bari baje kwivuza indwara ya Estomac ko bokwipimisha ibipimo bakorera abakenyezi canke abakobwa  bikekwa ko boba bibungenze,ico  gipimo  kikaba citwa  Test a grossesse.

Isanamu y’umugabo arwaye muri estomac.

Ranchi,umuganga wo kubitaro vyitwa Jharkhand,niwe yasavye ko abasore babiri  aribo Gopal Ganjhu na  Kameshwar Janhu bakorerwa ibipimo basanzwe bakorera abakobwa canke abagore bikeka ko boba bafise imbanyi.

Inyuma yokubasaba gukoresha ibipimo vy’imbanyi,Muganga Ranchi,yabasavye kandi ko bokwipimisha ibimo vy’umugera w’indwara ya VIH/SIDA,ndetse bakipimisha n’ibipimo vy’imirwi yabo y’amaraso.

Ivyo abo basore bakaba babimenye mugihe bari bagiye kw’iduka risanzwe ridandaza imiti (Pharamacie) kubera bobo bari baziko umuganga yabandikiye imiti ya Estomac kuko nivyo baribabwiye umuganga ko yoba ariyo ndwara barwaye.

Abo basore babiri,Gopal Ganjhu na  Kameshwar Janhu,bakaba bamenyesheje ko badatahura ingene umugabo asabwa gukoresha ibipimo bikorerwa abantu bikekwa ko boba bafise imbanyi kandi bizwi neza ko atamugabo atwara imbanyi,ndetse bakaba bavuze ko bagiye kwitura ubutungane kugira uwomuganga ahanwe.

You may also like...