Irani,umukobwa yahora yigira iki zombie akagomba gusa na Angelina jolie yafashwe n’igipolisi.

Mu gihugu ca Irani,umwigeme w’imyaka 22 y’amavuka ,azwi kumazina ya Sahar Tabar,asanzwe amenyerewe cane kurubuga ngurukana bumenyi rwa Instagram kubera amafoto adasanzwe kandi ateye ubwoba akunze gushirako yafashe n’inzego z’umutekano.

Umwigeme Sahar Tabar yafashwe n’igipolisi inyuma yokwihindura isura

Igipolisi kikaba camwagirije ko muvyo akunze kuvugira kumbuga ngurukana bumenyi harimwo :Kutubaha abategetsi b’igihugu,gahamagarira abantu kugumuka na cane cane urwaruka,gutunga munzira zitaboneka hamwe n’ibiturire.

Umwigeme Sahar Tabar yatanguye kumenyekana cane mu mwaka wa 2017 kumbuga ngurukana bumenyi zitandukanye aho yatangura gusohora amafoto yiwe ubwiwe yigize nki ikizombie,yihaye isura nkiya Angelina Jolie.

Muri icogihe,ibimenyeshamakuru bitandukanye vyamwagiriza ko yihinduye isura akoresheje ubuhinga bwo kwibagisha,ico bita chirurgie plastiques kugira agire isura nkiya Angelina Jolie.

Tabar yamenyesheje ko mukwihindura isura agasa ni ikizombie,yakoresheje umuti watumye avyimba iminwa ,ariko ahanini yakoresheje ubuhinga busanzwe bwo kwisiga,ivyo bita maquillage ndetse n’ubuhinga bukora amafoto muri terefone,bwitwa photoshop.

Sahar Tabar akaba yarangije avuga ko intumbero yiwe yatumye yihindura isura ataruko yashaka gusa na Angelina Jolie,canke gutera ubwoba abantu,ahubwo wewe abonako aribwo bwari uburyo bwiza yariyatoye kugira abantu bashobore kumukurikirana kubwinshi kumbuga ngurukana bumenyi.

Mwomenya ko inyuma yifatwa rya Sahar Tabar,urubuga rwiwe rwa Instagram rwaciye ruhagarikwa.

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook

You may also like...