Kanye West yahora yigereranya na Yesu,yakiriye agakiza ndetse abatirisha n’abana biwe.

Kanye West,umuririmvyi wigihangange mu muri Reta zunze ubumwe za Amerika ,akaba numwe mu baririmvyi basanzwe bafatwa nkabakomeye cane  mu mudiho wa Rap wo muri reta zunze ubumwe za Amerika, akaba numwe mubaririmvyi yahora atangaza abantu kubera kwigereranya na Yesu hamwe n’Imana ,yemeye kwakira agakiza,ndetse agirako yemerera abana biwe ko babatuzwa .

Mubikorwa vyiwe vyo kumusi w’Imana,umuririmvyi Kanye West asanzwe akunze kurangurira kuri kaminuza ya Georges Washington University, Kanye West yaratangaje abakuzi b’umuziki wiwe  bari baje kumuraba aho yabamenyesha ko agiye gusohora urukurikirane (Album) rizoba rwita “YESU N’UMWAMI “Jesus is King ,ndetse agirako atangaza kwagiye gutangura kuririmba indirimbo zihayagiza Imana gusa.

Kanye West Kw’ifoto

Kanye West akaba yabandanije atangariza abakunzi biwe ko urukurikirane rwiwe rushasha ruzosohoka igenekerezo rya 25 gitugutu 2019  aca agirako anamenyesha kwagiye kuvavanura no kuririmba indirimbo z’abisi (Musique profane).

Kanye West  yabandanije amenyesha abakunzi biwe baraho ko haheze ikiringo gishika umwaka wose yakiriye agakiza k’Umwami Yesu Kristo ariko akaba yari yarabigize ibanga.

Ivyo Kanye West akaba abimenyesheje inyuma yaho mu misi iheze,umugore wiwe Kim Kardashian aherekejwe na mushiki wa Kanye West baheruka mu gihugu ca Armenia,aho baribagiye kubatirisha abana babo mw’ishengero rimwe riharurwa mumashengero amaze imyaka myinshi kwisi .

Tubibutse ko Kanye West yagiye arigereranya kenshi n’Imana ndetse akanagenda yimerera kwariwe Mana ,akaba yaranasohoye n’indirimbo mu mwaka wa 2013 yitwa “I Am God ” bisigura ngo “Ndi Mana ”  murukurikirane rwiwe yari yiswe Yeezus.

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook

You may also like...