USA,umugore yavutse afise ibitsina gore bibiri yarahiye ararengwa ko ategerezwa kurongorwa n’abagabo 2.

Muri reta zunze ubumwe za Amerika,umupfasoni wo mugisagara ca San Francisco azwi kumazina ya Joyce Seymour w’imyaka 38 y’amavuka,yitwariye reta yiwe mu butungane asaba ko ategerezwa guhabwa uburenganzira bwokurongorwa n’abagabo babiri.

Joyce Seymour yavukanye ibitsina gore bibiri yipfuza kurongorwa n’abagabo 2

Joyce Seymour,aheruka gutanga ikirego ciwe muri sentare aho asaba kumuha uburenganzira bwo kurongorwa akongera akabana n’abagabo babiri kubera yavutse afise ibitsina gore bibiri,ndetse akavugako kuba abana n’umugabo umwe ari akarenganyo kuko ntashobora kumushikira aho yipfuza arumwe.

Nkuko bibandanya bimenyeshwa na Joyce Seymour,abafise ubumuga bategerezwa kubahirizwa mubwigengenge bwabo kuko nabo sibo batumye bavukana ubumuga kanatsinda n’abahuza ibitsina babisangiye barumvirijwe kandi baratunganirijwe kuko baremerewe guhuza ibitsina babisangiye.

Seymour abandanya amenyesha ati :kuvukana ibitsina bibiri uri umukobwa canke umuhungu,n’amahirwe aronka inkehwa kw’isi yose,ninaco gituma ama reta ategerezwa kutwumviriza akaduha ivyo dusaba kuko turabikwiye.

Umunyamategeko Allan Dulles aburanira Joyce Seymour,amenyeshako reta yategerezwa gushiraho itegeko ryemerera abafise ubumuga bwo kuvukana ibitsina bibiri,yaba umukobwa canke umuhungu abaha uburenganzira bwo kubana n’abagabo babiri canke abagore babiri mugihe bavyipfuza kubera itegeko risanzwe rihari ryo kubuza abantu kwubakana n’abagore babiri canke abagabo babiri ritegerezwa gufata abantu badafise ubwo bumuga.

Kubwa Allen Dulles,hamwe reta itoshiraho itegeko rirekurira abafise ubumuga bwo kuba bafise ibitsina bibiri ngo babane n’abagabo canke abagore babiri,reta izoba iciye kubiri n’ibwirizwashingiro rya reta zunze ubumwe za Amerika mubijanye n’ubwigenge bwikiremwa muntu bwo kwishira no kwizana bivanye n’ingene yavutse.

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook

You may also like...