Umurundikazi yabaye umunyafrica wambere akiri muto akoze ivyananiye abandi muri Tennis , naho kw’isi yose aba uwa 15

Mu mahiganwa ya Tennis yariko arabera  kumurwa mukuru w’igihugu ca Nigeria ,Logos ,umwigeme w’umurundi yanditse amateka atahukana igikombe c’ihiganwa rya ITF World (International Tennis Federation ).

Sada nahimana umwigeme w’umurundi w’imyaka 18 yabaye umurundi wambere atahukanye igikombe mu mahiganwa ya Tennis asanzwe azwi nka ITF World (International Tennis Federation ) ndetse aca aba n’umunyafrica wakabiri  atahukanye iyo ntsinzi inyuma ya Chanelle Scheepers wo muri Africa yepfo yayitahukanye mu mwaka wa 2007.

Sada-Nahimana akamwemwe kari kose mugihe yatahuka iki gikombe .

Ayi ntsinzi idasanzwe ,Sada Nahimana ,yayishitseko inyuma  y’inkino nyishi uyu mwigeme yaramaze gukina mu mahiganwa tandukanye ariko akagenda atsindirwa mu nkino zanyuma zihiganwa  .

Kubona Sada Nahimana  atahukana  igikombe ca ITF World  vyatangaje benshi ,mubari baje kuraba urwo rukino rwanyuma kuko iyi ntsinzi yiwe yayirose mugihe yatsinsa Laura Pigossi  umwigeme wo muri Bresil asanzwe afatwa nk’igihangange mu mukino wa Tennis ndetse akaba ariwe  yaramaze imyaka ine yose  atahukana ikibanza cambere murayo mahiganwa ya ITF World .

Urukino ruhera ,Sada Nahimana ntiyatahura neza ibihejeje kuba .

Intsinzi ya Sada Nahimana ikaba iciye ituma uyu mwigeme aba umwigeme wambere akiri muto atahukanye irihiganwa rya ITF World (International Tennis Federation ) muri Africa yose ,ndetse bikaca bimugira umwigeme wa  cumi na gatanu (15) kw’isi yose atahukanye iri higanwa akiri muto .

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook

You may also like...