Nigeria,Umukobwa yihaye umusore w’umuzungu amutera inda yibazako ari umuganwa Harry wo mubwongereza.

Umukobwa w’imyaka 20 y’amavuka wo mugihugu ca Nigeria azwi ku mazina ya Ngosi Stacy yatwaye inda y’umusore w’umuzungu yibazako azoba atwaye inda y’umuganwa Harry wo mugihugu c’ubwongereza (Angleterre).

Isanamu ya Francis na Stacy Ngossi

Ivyo vyabaye inyuma yaho Ngosi Stacy ahuriye  mw’i hotel n’umusore w’umuzungu azwi kumazina ya Francis wo ngaho nyene mu gihugu ca Nigeiria,afise isura igomba gusa n’umuganwa Harry wo mu gihugu c’ubwongereza.

Inyuma yokubona uwo musore,Stacy Ngosi yaciye atangura kumwiyegereza yibazako ahuye n’umuganwa Harry wo mubwongereza,ndetse akaba yaciye amusaba aka numero ka Terefone kugira bozoze baraganira,mbere bakaba barafashe akanya barifotoza aga selfie.

Nkuko bibandanya bivurwa na Stacy,haheze imisi ibiri gusa niho yaca yaca amuhamagara amusaba ko yokwemera bagahura bakaganira kuko yumva amukunda bidasanzwe.

Umusore Francis nawe ntiyatevye kuvyemera kuko yabona uwomwigeme amurondera cane ,acambere ahitamwo ko bahurira muri Hotel,ndetse bakaba bararyamanye.

Haheze amezi abiri niho Stacy Ngosi yamenyako afise inda,akaba yaciye agenda arabwira abantu bose bahuye ko afise inda ya Harry,umuganwa wo mugihugu c’ubwongereza,ariko abantu bose ntibamutahura ndetse abenshi bibazako yasaze kubera bitumvikana ingene yoba yarahuye na Harry.

Abagenzi ba Stacy bakaba baramusavye kubaha ifoto y’uwo yita Harry,bamwe mubayibonye bakaba baramenye uwo musore,ndetse akaba asanzwe ari umuririmvyi ngaho mu gihugu ca Nigeria.

Ivyo bikaba vyatumye Stacy aca yikubita hasi atakaza ubwenge kuko yasanze yaribeshe.

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook

You may also like...