RDC,Itana mumitwe rikomeye ry’abasirikare ba reta FARDC,n’abarwanyi baba Mayi Mayi

Mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo,hamaze imisi hariko haraba itana mu mitwe ry’abasirikare b’igihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, FARDC (Force Armee de la Republique Democratique du Congo) hamwe n’umurwi w’abarwanyi baba Mayi Mayi.

Imodoka ya gisirikare irimwo abasirikare ba FARDC

Iryotana mu mitwe rikaba ryatanguye kuva kumusi wagatandatu igenekerezo rya 12 Gitugutu 2019,aho abarwanyi b’umurwi waba Mayi Mayi basanzwe baba mw’ishamba ryahitwa Minembwe bagerageza gutera kubirindiro bitandukanye vy’abasirikare ba repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo  FARDC.

Muri iryo tana mumitwe hakaba humvikana na cane cane ibikoho binini binini,aho vyatumye imiryango itarimike ita izabo irahunga kubera ubwoba.

Umuvugizi w’ingabo za  FARDC mu gice ca Sud Kivu,Dieudonne Kasereka,aremeza izo ntamabara ariko akavuga ko hakiri kare kugira ashobore kumenya ivyononekaye kumpande zose kubera nubu intambara itarahera.

Twobibutsako kuva ku musi wa gatandatu abo barwanyi baba Mayi Mayi muri iyo mirwano bamaze gutera igisagara ca Mikalati,igisagara ca Bichogo,igisagara ca Nyamara,hamwe n’igisagara ca Murugondo.

You may also like...