Tetero Laurette yasubiwe guterwa iteka agirwa brand ambassador

Laurette Tetero,umuririmvyi w’umurundikazi,ndetse akaba ari nawe yatahukanye agashimwe  ka PRIMUSIC 2019 k’ihiganwa ritegurwa n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa rya Brarudi,ko muruyu mwaka wa 2019,yaraye atewe iteka ryo kugirwa brand ambassador .

Tetero Laurette yagizwe brand ambassador arimwiduka ridandaza ibirato vy’ubwoko bwa Zozo Shoes

Inyuma yaho mukwezi kwa Nyakanga 2019 agizwe ambassadeur w’ishirahamwe SACODE,umuririmvyi w’umurundi kazi Laurette Tetero,yaraye asubiye guterwa iteka ryo kugirwa brand ambassador ajejwe kumenyekanisha no gukundisha abantu ubwoko bushasha bw’ibirato bwitwa Zozo Shoes.

Kubwa Tetero Laurette,ati n’iteka ntangere kubona abantu baguma bamwizera,ndetse akaba ashima bimwe bivuye kumutima kuko vyerekana ko ibikorwa akora hari abantu benshi bishika kumutima.

Twobibutsako umuririmvyi kazi Laurette Tetero,inyuma yogutahukana agashimwe ka PRIMUSIC 2019,aramaze gusohora indirimbo ziwe 2,imwe iyambere akaba yayise “Au bout de mes reves”,iyakabiri nayo akaba yayise “Nyemerera”

You may also like...