Umunezero wari mwinshi cane aho Lionel Messi yariko aratora ikirato ciwe c’inzahabu kigira 6

Lionel Messi,umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguruyamuka mu gihugu ca Argentine,asanzwe akinira umurwi wa FC Barcelona wo mucicaro ca mbere mu gihugu ca Espagne,ahejeje guhabwa ikirato c’inzahabu ciwe kigira gatandatu (6).

Lionel Messi arikumwe n’abana biwe mu birori vyo kwakira agashimwe kikirato c’inzahabu

Agashimwe kikirato c’inzahabu gahabwa umukinyi abayinjije ibitsindo vyinshi mu mahiganwa yose yo kumugabane w’iburayi.

Umukinyi Lionel Messi akaba atwaye ako gashimwe ku ncuro igira iya gatandatu,inyuma yaho mu mwaka wa 2018 ushira 2019,ariwe mukinyi yinjije ibitsindo vyinshi kumugabane w’iburayi aho yashoboye kwinjiza ibitsindo bishika kuri 34 we nyene .

Umukinyi Lionel Messi arikumwe n’umugore wiwe n’abana mu birori vyogutora agashimwe kikirato c’inzahabu

Mwokwibuka ko mukeba wiwe Cristiano Ronaldo amaze gutwara ako gashimwe  k’ikirato c’inzahabu incuro zine gusa,ndetse akanyuma akaba yagatwaye inyuma yihiganwa ryo mumwaka wa2014 ushira 2015.

Mubirori vyo gutora ako gashimwe kikirato c’inzahabu kigira gatandatu,umukinyi Lionel Messi yari yaherekejwe n’abana biwe Mateo na Thiago Messi ndetse n’umutambukanyi wiwe.

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook

You may also like...