umurundikazi wumunyamideri yagizwe umu brand ambassador wa company ikomeye muri Amerika.

Kumyaka 29 yamavuko umurundikazi Leila Ndabirabe yashimwe na rimwe mu mashirahamwe y’ubwubatsi  no kugurisha amazu   muri Reta zunze ubumwe za Amerika(USA) kugira ayibere umu Brand Ambassador .

Leila Ndabirabe akaba yatowe nk’umwe mubanyamideri bazofasha kwerekana amazu adasanzwe (appartement de luxe ) y’ishirahamwe risanzwe rizwi cane muri Amerika muvyo kubaka amazu banagurisha  ariryo “Zeckendorf Development”

Muvyo Leila Ndabirabe azofasha iyi company  harimwo kwerekana inzu isanzwe izwi nka ” Nations Plaza “ya company Zeckendorf  development .

Leila Ndabirabe ari murimwe mu mazu ya compony ya Zeckendorf .

William Lie Zeckendorf asanzwe arongoye ishirahamwe “Zeckendorf Development ” yamenyesheje ko uyu mwigeme Leila Ndabirabe azobafasha cane murico gikorwa co kumenyekanisha no kugurisha izo nzu zabo kuko asanzwe ari umwe mubanyamideri wakarorero kugwero mpuzamakungu.

Leila Ndabirabe kw’ifoto

Tubibutse ko Leila Ndabirabe  asanzwe ari n’umwe mubanyamideri badasanzwe ba Victoria’s Secret ,imwe muri company ikomeye cane muri reta zunze ubumwe za Amerika yo kwerekana imideri ikongera igakora impuzu .

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook

You may also like...