Landry Promotor yaraye aronse umushingwamanza (avocat)agiye kumufasha kuburana.

Landry Promotor,umumenyeshamakuru w’imboneshakure Waka Light TV,ikorera kubuhinga ngurukana bumenyi bwa Youtube yaraye aronse umushingwamanza(avocat) agiye kumufasha kuburana.

Landry Promotor uyo atangura kwifoto,arikumwe na Delegue general aho bari mu Mpimba.

Nkuko vyari vyari vyamenyeshejwe  na Evrard Boris Mucowintore,umurundi yibera mugihugu ca Canada, ko uwoba ashikira Landry aho  Promotor aho afungiwe yo mumenyesha ko yiyemeje kumuronderera umushingwamanza  wokumufasha kuburana,ndetse aka nemera kumuronsa ivyo gufungura aho ari mu munyororo,Evrard  akaba yaraye amenyesheje ko Landry Promotor yaraye aronse umushingwamanza amufasha kuburana.

Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho Landry Promotor ashikaniwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba arikumwe na mugenziwe w’umuririmvyi yitwa Baraka Olegue azwi kumazina ya Delegue general.

Landry Promotor,akaba akurikiranwa kucaha co gucakubiri n’imicokama y’ikirundi abicishije mumajambo yakoresha mukiganiro ciwe cokuvumbura abaririmvyi,aho kenshi yabasanga imuhira iwabo atabanje kubateguza.

Boris Evrard Mucowintore,akaba asaba n’uwundi wese afise icoyoterera kugira ico akoze kugira Landry Promotor ashobore kuva muburoko.

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook

You may also like...