Muntumbero yoguhimiriza urwaruka kwijukira gusenga,Ekeleziya gatorika yakoze ishapure ikoreshwa na Internet

I vatican ,kucicaro gikuru ca Ekeleziya Gatorika,basohoye ishapure nshasha yitwa eRosary irimwo ubuhinga bwa none (internet) izokworohereza  urwaruka mugisabisho.

Ifoto y’Ishapure ya eRosary irimwo internet

Ivyo,umwungere mukuru w’ishengero rya Gatorika (Papa),yabikoze muntumbero yokworohereza urwaruka rwo muri kino gihe gusenga kubera vyagiye biribonekeza ko urwaruka rukunda gukoresha ibintu bikoreshwa n’ubuhinga bwa none.

Iyo shapure ikozwe mubuhinga bwa none,yakozwe n’ishirahamwe GadgTek Inc ryo mugihugu ca Taiwan ,ushobora kuyambara kukuboko,kandi ishobora gukora naho yoba irimumazi.

Ishapure eRosary,ushobora kuyambara kukuboko.

Naho iyo shapure yashizwe kumugaragaro,ntabwo bayitanga kuri gusa,ahubwo igurishwa amahera y’abanyamerika agera ku 109,nukuvuga amahera y’amarundi arenga 200.000frbu.

Mwomenya ko iyo shapure eRosary ishobora gukorana na terefone yo mubwoko bwa Android.

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook

You may also like...