USA, Abana 2 babirabure b’imyaka 11 na 12,bacitse intwari inyuma yo gukiza sekuru wabo.

Muri reta zunze ubumwe za Amerika,mugisagara ca Floride,abana babiri bato  ba birabure bacitse intwari inyuma yo gukiza sekuru wabo.

Isaiah n’uwo yambaye agapira garukura na Corey uwo afise ibisuko

Terry Poole,yarikuba yarapfuye iyo abuzukuru biwe baterekana ubutwari bwo guhitamwo  kumugirira ivyo bita  CPR(Cardio pulmony resuscitation).

CPR,nibirya bikorwa vyo kuryamika umuntu yafaswe na crise cardiaque,ukamuryamika agoroye amaboko n’amaguru hama ukamufata kumutima ugakandira hasi.

Isaiah Walker, w’imyaka12 y’amavuka na  Corey, w’imyaka 11y’amavuka nibo bana bashoboye gufasha sekuru wabo (Terry Poole),mugihe yarakitswe n’amagara bidakunda ko ashobora kuja kwa muganga,ndetse ntivyanakundako ashobora no kuvuga .

Mugihe basanze sekuru wabo arikumpfiro,Isaiah yaciye amugirira CPR, mugihe Corey nawe yaciye yirukira gutora terefone kugira ashobore guhamagara kuri numero 911 kugira bashobore kuronswa ubufasha.

Isaiah akaba yamenyesheje ko kuba yarashoboye kurokora ubuzima bwa sekuru wabo Terry Poole,nuko yari yibuka ivyo baribaramwigishije gukora mugihe umuntu ahuye n’ikibazo c’umutima

Ivyo akaba yari yavyigishijwe akiri muto cane mu gihe bamujana kw’ishure ryigisha abana kwoga muri Piscine.

Ivyo bakaba babikoze kandi hariho mukuru wabo w’imyaka 17, atashoboye gukora ikintu na kimwe kubera ubwoba kuko we yibazako sekuru yamaze gucikana.

Inyuma yicogikorwa,abantu batandukanye barerekanye ubutwari budasanzwe bwabo bana mu gihe hari n’abantu bakuze badashobora gukora ikintu na kimwe.

You may also like...