Impamvu zatumye urukino rwa Clasico ruhuza umurwi wa Real Madrid na FC Barcelona rwungururizwa kw’igenekerezo ritaramenyekana.

Urukino rwa El Clasico,rusanze ruhuza imirwi ibiri ikomeye  ya Real Madrid Na FC Barcelona yo mw’ihiganwa rya Laliga Santander ryo mu gihugu ca Espagne rwaraye ruhagaritswe.

Abakinyi Lionel Messi na Sergio Ramos bagomba gutana mu mitwe.

Urwo rukino rukaba rwari rutegekanijwe guhuza iyo mirwi ibiri kumusi wa gatandatu igenekerezo rya 26 Gitugutu 2019 ku kibuga ca Camp Nou c’umurwi wa FC Barcelona wo mugisagara ca Catalogne.

Nkuko bimenyeshwa n’umurwi ujejwe ivyamahiganwa mugihugu ca Espagne munama bakoze kumusi w’ejo,bafunditse ko urukino rwarirutegekanijwe kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu 2019,kukibuga c’umurwi wa FC Barcelona ruhagarikwa ndetse rukungururizwa kw’igenekerezo ritaramenyekana kubera imvo z’umutekano n’ibihe vya poritike igisagara ca Catalogne kirimwo muri ibi bihe,aho hari imyiyerekano y’abanyagihugu bipfuza ko iyo ntara ya Catalogne yokwikukira.

Uwo murwi umenyesha ko urukino rwa Clasico ari urukino rukomeye cane rutegerezwa kuba mubihe abantu bo kumpande zose baba batekaniwe mu mitima,ndetse bakaba babandanije bamenyesha ko ruzoca rukinirwa ku kibuga ca Santiago Bernabeo c’umurwi wa Real Madrid atarivyo.

Barangije bamenyesha ko iyo nama izosubira gukorana kumusi wa mbere igenekerezo rya 20 Gitugutu 2019  imbere y’isaha zine (avant 10 heures)kugira bafundike igenekerezo n’ikibanza urwo rukino ruzoberako.

You may also like...