Mexique,Ikirindiro c’abajejwe umutekano caraye kirashwe bikomeye,inyuma yogufunga umusore azwi kumazina ya Ovidio Guzmán

Mu gihugu ca Mexique,ikirindiro c’abajejwe umutekano mu gisagara ca Culiacán,kumusi w’ejo caratewe n’abantu bitwaje ibirwanisho,inyuma yaho cari kimaze gufata umusore w’imyaka 29 azwi kumazina ya Ovidio Guzmán.

Ahabereye imirwano yo kubohoza Ovidio Guzman

Ovidio Guzmán,umuhungu wa Joaquín “El Chapo”asanzwe afungiwe muri reta zunze ubumwe za Amerika ndetse akaba ariwe,karuhariwe  wa mbere kw’isi mu kudandaza ibiyayura yaciriwe umunyororo woguherayo.

Amakuru atangawa na Alfonso Durazo,umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu ca Mexique,amenyesha ko Inyuma yifungwa rya “El Chapo” mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,umuhungu wiwe Ovidio Guzmán ariwe yasigaye akora urwo rudandaza rwa se wiwe rwo kudandaza ibiyayura mutwe .

Abajejwe umutekano bakaba bari bafashe Ovidio Guzmán muntumbero yo guhagarika urwo rudandazwa rw’ibiyayura mutwe rusanzwe rutemewe n’amategeko ariko bakaba batorohewe kubera baciye baterwa bimwe bikomeye kuburyo abapolisi batari bake bashoboye kuhasiga ubuzima.

Inyuma yokubonako ibintu bitoroshe,umushikiranganji ajejwe umutekano yaciye atanga itegeko ryo kurekura Ovidio Guzmán kugira intambara ihagarare kubera vyabonekako abapolisi bari baneshejwe.

Abakoze igitero kubajejwe umutekano muri Mexique akaba ari abasanzwe bakorana na Ovidio Guzmán,ndetse bakaba baraturiye imiduga itari mike.

You may also like...