RDC,Icegeranyo c’Intambara imaze imisi 4 hagati ya FARDC n’abarwanyi baba Mayi Mayi.

Muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo,hamaze imisi ishika kuri ine (4) hariko haraba intambara zikomeye hagati y’igisirikare ca Congo FARDC(Force Armee de la Republique Democratique du Congo) n’abarwanyi baba Mayi Mayi.

Ingabo z’igisirikare ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ,FARDC

Nkuko bimenyeshwa na Capitaine Dieudonne Kasereka,umuvugizi w’igisirikare ca Congo muntara ya Sud Kivu,igisirikare ca Congo carashoboye gusubiza inyuma abarwanyi baba Mayi Mayi,kuburyo babirukanye gushika kubirometero mirongo ine (40 km).

Kubwa Kasereka,abarwanyi bagiye barasanzara mumpande zitandukanye,aho bamwe berekeje mu mashamba ya Kagembe,Nakiele,na Irumba kubirometero 17 uvuye mugisagara ca Minembwe ahariko harabera imirwano.

Muri ikigihe,igisirikare ca Congo kikaba kiriko kirakurikirana abarwanyi banyuma bagisigaye mw’ishamba rya Kalonge.

Naho biruko,Capitaine Dieudonne Kasereka,umuvugizi w’igisirikare ca Congo mu ntara ya Sud Kivu,arababazwa n’ubwicanyi bugenda burakorwa nabo barwanyi kuko ahobagenda baraca muguhunga bagenda baraturira amazu y’abantu bongera bica inzirakarengane z’abanyagihugu.

You may also like...