Inde :Abanyeshure bategetswe gukora ikibazo bambye ibikarato kumutwe kubera kunobera

Mu gihugu c’uBuhinde(Inde ) mu gisagara ca Bengaluru abanyeshure bo kw’ishure ry’isumbuye rizwi nka  ”  college Karnataka  ” bategetswe gukora ikibazo bambaye ibikarato kumitwe kugira bababuze ingese yabo yo kunobera canke kurabiranako.

Kurubuga ngurukana bumenyi rwa Twitter ,abantu benshi bavuze kuriyo nkuru ,ndetse banemeza ko aba banyeshure bategetswe kwambara amakarato kumutwe kubera kunobera kwabo.

Uku kwambika abanyeshure ama karato kumutwe kugira ntibarabanireko ,ntivyanezereje  na gato   Suresh Kumar umushikiranganji w’indero murico gihugu .

Abana bakoze ikibazo bamabaye amakarato kumutwe

Suresh Kumar asanzwe arongoye ubushikiranganji bw’indero murico gihugu yaciye amenyesha ko abakoze ivyo bagiye gukurikiranwa n’ubutungane kuko bafashe abana bategerezwa kurera  no kwitaho nk’ibikoko.

You may also like...