Mu Rwanda,abagirijwe ko arabarozi,bakubitiwe imbere y’abana n’umuyobozi mugace ka Gitambi.

 

Mugihugu c’uRwanda,neza na neza mugasagara kitwa Gitambi,abantu 6 bagirizwa ko ari abarozi barakubiswe barashaya nuwurongoye ako gace ka Gitambi.

Abariko barakubitwa inkoni bagirizwa uburozi mu gihugu c’uRwanda

Ivyo bikaba vyabaye mugatondo ko kumusi wa kane igenekerezo rya 17 Gitugutu,aho Iyakaremye Jean Pierre,atwara agace ka Gitambi yazindukira kungo zimwe zimwe agenda yegeranya abazibamwo aca abajana aho basanzwe bakoranira mu gukora inama,bamaze kuhashika niho yamenyesha abaraho ko agomba akosore abarozi babinyegejemwo.

Iyakaremye Jean Pierre,akaba yatoye abantu batandatu mubaringaho abagiriza ko basanzwe ari abarozi kabuhariwe bo muri ako gace bakoresha amadayimoni mukuroga abantu,akaba yaciye atangura kubakubitira imbere y’abantu baraho,aho mbere hari hagwiriyemwo abana bato b’abanyeshure.

Umwe mubakubiswe yiswe umurozi,azwi kumazina ya Ntabareshya Charle,amenyesha ko bamukubise bamwagiriza ko ariwe yoba yararoze abana bo mumuryango wa Iyakaremye Jean Pierre,umukuru w’agace ka Gitambi.

Ntabareshya Charles,akaba yabandanije amenyesha ko yakubiswe arenganyijwe,ati kuko iyaba ari umurozi uwamukubise ntiyari kwijana.

Abo bose bakubiswe bakaba bamenyesheje ko bagiye kwitwarira uwo muyobozi kuko yakoresheje igikenye mukubakubita  abagiriza ko ari abarozi.

You may also like...