Tanzaniya:Magufuli yavuze imvo zikomeye zituma adakunze gusohoka igihugu.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya,Dr John Pombe Magufuli,atwara ico gihugu kuva mumwaka wa 2015,yavuze impamvu zikomeye zituma adakunze gusohoka igihugu ngo yita vye inama mu makungu.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya,John Pombe Magufuli

Kubw’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Dr John Pombe Magufuli,kutitaba inama nyinshi zibera hanze y’igihugu,aba ariko arahangira(arabungabunga),ubutunzi bw’igihugu ca Tanzaniya kubera urugendo rw’umukuru w’igihugu rutwara uburyo bw’inshi cane kubera bibabitegekanijwe ko agenda ajanye n’abantu benshi iyo asohotse igihugu kandi abo bose bategerezwa guhabwa uburyo.

Magufuli akaba yamenyesheje ko ahitamwo kurungika abashikiranganji n’abandi bategetsi bakomakomeye kubera bobo bidatwara uburyo bwinshi cane kandi igihugu kiba caserukiwe bikwiye kuko iyo aboyatumye baganutse bahita bamuha icegeranyo.

Nkuko Magufuli yabandanije abimenyesha,n’abategetsi batandukanye yarabasavye gupunguza gufata ingendo zimwe zimwe zimwe zidakenewe kugira ubutunzi bw’igihugu ntibuze burasesagurwa kumvo zitaboneka.

You may also like...