Yabaye umwigeme akiri muto atunze amahera menshi mu Burundi,inyuma yo gutahukana aka gashimwe.

Sada Nahimana w’imyaka 18 yamavuguko akaba n’umwe mu bigeme babarundi basanzwe bakina urukino rw’amaboko rwa Tenis ,niwe mwigeme w’umurundikazi akiri muto ubu biriko biravugwa ko yibitseko amahera menshi kurusha abandi inyuma yo gutahukana ikibanza cambere mu mahiganwa ya ITF World (International Tennis Federation )

Gutahukana intsinzi kwa Sada Nahimana vyaciye bimutuma atahukana igikombe c’ikibanza ca cambere murayo mahiganwa ya International Tennis Federation  .

Sada nahimana igihe yarahejeje guhabwa igikombe mu mahiganwa ya ITF yabereye iLogos muri Nigeria

Gutahukana ikibanza cambere murayo mahiganwa bikaba vyaciye bituma Sada Nahimana atahukana agashimwe kamafaranga angana na $25.000 yama nyamerika ,aya akaba angana n’amahera yamarundi imilioni 77.000.000 Fbu.

Aya mahera yatahukanwe na Sada Nahimana akaba yatumye benshi batangura kumugira umwigeme w’umurundikazi akiri muto yoba yibitseko amahera menshi mu Burundi.

Tubibutse ko Sada Nahimana  asanzwe avuka mu gisagara ca Bujumbura ,mu Quartier Buyenzi ,ndetse akaba ariwe mwigeme ubu wa 15 kw’isi yose mu mukino wa Tenis mu gice cabakina bonyene kizwi nka ITF.

You may also like...