Kenya:Abagabo basigaye bakotesha abagore babo kungenzi z’abazungu

Kubera ubukene,mugihugu ca Kenya,hamaze imisi hibonekeza urudandazwa rushasha aho abagabo bamwe bamwe basigaye bakotesha abagore babo ku ngenzi z’abagabo b’abazungu ziba zaje kuruhukira muri ico gihugu narirya gisanzwe cakira ingenzi nyinshi.

Umuzungu arikumwe n’umugore yakotesheje kuri plage mugihugu ca Kenya

Nkuko bimenyeshwa na James Kimani,umwe mubasanzwe batembereza ingenzi mu gihugu ca Kenya,ndetse nawe nyene akaba amaze gukotesha umugore wiwe,ivyo babikora kubera ubukene basanzwe babayemwo ,aho umugabo yemera akigumya akareka umugore wiwe akagenda kumara imisi n’umuzungu kugira azoze azanye amafaranga akwiye kubera ko izongenzi zibazifise amahera y’agaciro.

James Kimani ati:”umugore wanje nijewe namurondereye umugabo w’umuzungu bazomarana imisi,yagiye twavyumvikanye kandi twaguma tuvugana naho yaba arikumwe n’uwo mugabo w’umuzungu”.

Kimani akaba avuga ko muri rusangi abagore iyo bagiye kumarana imisi n’abazungu mukaruhuko,ati harashobora kumara amezi ashika kuri abiri ataragaruka mu rugo.

Patrick Okeri,asanzwe arongoye igipolisi mu gace ka Kilifi,aremeza ayo makuru ndetse wewe akongerako ahubwo ko hari abagore usanga bafise abagabo babiri,umwe ari uwo bagize umugeni,uwundi ari umuzungu w’iburayi canke muri amerika aza rimwe rimwe bakamarana imisi,ndetse hakaba hariho n’abamaze kuvyarana abana n’abo bazungu.

You may also like...