RDC: Inzu zirenga 200 zaraturiwe ziratokombera kumusi wa gatandatu no kuwimana.

Muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo,inzu zirenga 200 zaraturiwe kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 Gitugutu 2019.

Amasanamu y’inzu zaturiwe muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Iryo bara rikaba ryabereye mubisagara bibiri,igisagara ca Tchiandje Esenge hamwe no mugisagara ca Lombudi,vyo muri komine ya Sankuru.

Intandaro yiturirwa ryayo mazu,n’ukutumvikana kwibonekeza hagati y’urwaruka rwo muri utwo dusagara tubiri,aho haheze amezi ashika kuri 4 bama bariko barasotorana  ariko imvo zituma bama bariko barasotorana zikaba zitarashigwa ahabona.

Inyuma y’impari ndende zibonekeje hagati yurwo rwaruka rwo muri utwo dusagara 2 kumusi wa gatandatu,igenekerezo rya 19 Gitugutu,imisore yo mugisagara ca Tchiandje Esenge,bahisemwo guturira inzu zishika 60 zo mu gisagara ca Lombudi,ariko bakaba barashoboye gufatamwo 2 mubaribahejeje guturira inzu ndetse bakaba barabashikirije igipolisi.

Ku musi w’Imana,igenekerezo rya 20 Gitugutu,niho urwaruka rwo mugasagara gato  ka Lombudi nabo biyegeranya baja guturira inzu zo mugasagara gatoya ka Tchiandje Esenge,bakaba bashoboye guturira inzu zirenga 150.

Muri iki gihe hakaba hariko haragaruka ituze kumpande zose ariko abanyagihugu bakaba basaba ko abajejwe umutekano bokongerezwa ibara ntirisubire kurwa.

Mwomenya ko abafatiwe muri iyo mishamirano bose babarizwa mu minwe y’abajejwe umutekano kumvo z’amatohoza y’ubwo bubisha.

You may also like...