Rwanda:Umuririmvyi Meddy yatawe muri yompi n’igipolisi.

Mugatondo tondo ko kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 21 Gitugutu 2019,niho umuririmvyi Meddy yatabwa muri yompi n’igipolisi co mugisagara ca Kigali mu gihe yariko arerekeza kurugo rwiwe.

Umuririmvyi Meddy yatawe muri yompi mu Rwanda

Umuvugizi w’igipolisi wo mugisagara ca Kigali,Umutesi Marie Goreth,aremeza iryo hagarikwa rya Meddy.ndetse akamenyesha ko afungiwe ku kigo c’igipolisi ca Remera mu gisagara ca Kigali.

Kubwa Umutesi Marie Goreth,umuvugizi w’igipolisi mu gisagara ca Kigali,umuririmvyi Ngabo Medard,azwi cane kw’izina rya Meddy,yafashwe kubera yariko aratwara imodoka kumuvuduko munini kandi yaborewe.

Bruce Intore asanzwe ariwe ajejwe ibikorwa vya Meddy,akaba nawenyene yemeje iryo tabwa muri yompi ry’umuririmvyi Meddy,ariko wewe akamenyesha ko atazi neza ivyo bamufatiye kuko aho yafatwa batarikumwe.

Mwomenya ko umuririmvyi Meddy asanzwe yibera muri Amerika yari yaje mu Rwanda mu karuhuko ndetse akaba yaramaze imisi akora ibiteramo ngaho muri ico gihugu.

You may also like...