Angleterre:Umurwi wa Manchester United,ugiye kugurwa urufovya rw’amadorare y’abanyamerika.

Umurwi w’umupira w’amaguru wa Manchester United wo mugihugu c’ubwongereza mwihiganwa ryo mucicaro ca muri ico gihugu,ugiye kugurwa urufovya rw’amadorare y’abanyamerika.

Umuganwa Mohammed Bin Salman wa Arabiya Saudite yipfuza kugura umurwi wa Manchester United

Umuganwa w’igihugu ca Arabiya Saudite, Mohammed Bin Salman,asanzwe mbere ari umukunzi adasanzwe w’umurwi wa Manchester United,niwe ashaka kugura uwo murwi.

Mohammed Bin Salman akaba yemera kugura uwo murwi wa Manchester United,kumahera y’amadorare y’abanyamerika agera kuri miriyaridi 4,(4 milliards de Dollars Americains) hamwe boba bavyemeye.

Iyi ikaba ibaye incuro igira gatatu uwu muganwa Mohammed Bin Salman wo mugihugu ca Arabiya Saudite agerageje kugura uyumurwi wa Manchester United kubera yaramaze kugerageza izindi ncuro zibiri ariko bikaba bitakunzeko agura uyu murwi.

Mwokwibuka ko umwe mubasanzwe baraguze uwo murwi ndetse afisemwo n’umutahe munini adashaka ko umurwi wa Manchester wojamwo abandi bagwizatunga bamusumvya amahera kubera gutinyako yohava awutakaza burundu.

You may also like...