Icegeranyo c’ivyabereye mu mirwano yahuje abasirikare b’uBurundi n’umurwi w’abarwanyi muri komine ya Musigati

Kuva mugatondo ko kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 22 Gitugutu 2019,hazindutse harumvikana amasase atari make mu ntara ya Bubanaza neza na neza muri komine ya Musigati.

Petero Nkurikiye,umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano

Abasirikare ba reta y’uBurundi bakaba bariko barakurikirana bongera batana mu mitwe n’umurwi w’abarwanyi wari wibonekeje muri komine ya Musigati,

Muri iyo mirwano yamaze umwanya utari muto,umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano, Pierre Nkurikiye,amenyesha ko muri iyo mirwano abarwanyi bashika 14 bahasize ubuzima,inkoho 11 zikaba zafashe.

Amakuru ava ahantu hatandukanye,amenyesha ko uwo murwi w’abarwanyi wari winjiye mu gihugu c’uBurundi uzananye mugihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo.

You may also like...