Ouganda: Abanyeshure isinzi bo muri kaminuza ya Makerere batawe mumvuto n’igipolisi gifadikanije n’igisirikare

Mugihugu ca Ouganda,kuruyu wa 22 Gitugutu 2019,abapolisi n’abasirikare bazindutse binjira mu kigo ca Kaminuza ya Makerere,aho bataye mumvuto abanyeshure batari bake .

Abasirikare n’abapolisi baribaje gufata abanyeshure muri kaminuza ya Makerere

Ivyo bikaba vyabaye mu gihe abanyeshure bo kuri kaminuza ya Makerere bari bazindukiye mu myiyerekano aho mu bigo vya kaminuza biyamiriza iduzwa ry’amahera yishure bahora bariha.

Icegera c’uwuserukira abanyeshure muri kaminuza ya Makerere Judith Nalukwago,amenyesha ko reta yaheruka kuduza ibice 15 kw’ijana (15%) vy’amahera bahora bariha,kandi ataburyo bafise.

Kubwa Judith Nalukwago,abapolisi n’abasirikare bazindutse baza kubatera kubera baribumvise ko bagomba bagire urugendo rwari kubashikana imbere y’ibiro vy’umukuru w’igihugu kugira bamusabe kubangira gushira mungiro iyo ngingo kubera kaminuza ya Makerere yigako abana benshi bava mumiryango ikenye.

Bamwe mubanyeshure ba kaminuza ya Makerere bari bahanganye n’abajejwe umutekano.

Bamwe mubanyeshure bafashwe bakaba bafungiwe ku kigo ca polisi Wandegeya,mu kurindira ko amatohoza ahera.

Professeur Barnabas Nawangwe,icegera c’uwurongoye kaminuza ya Makerere,amenyesha ko abo banyeshure bohagarika kuja mu myiyerekano kubera bimaze kugaragara ko imyiyerekano yabo yihishijemwo imvo za poritike.

Mwomenya ko abapolisi n’abasirikare batari bake bagumye bameze magabo iruhande y’ibigo vya kaminuza ya Makerere.

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook

You may also like...