RDC: Abigisha bari muri yegereyegere kuva kumusi w’ejo.

Kuva kuruyu wa mbere igenekerezo rya 21 Gitugutu,abigisha bo mumasure ya reta yo mugisagara ca Bukavu bari muri yegereyegere.

Abanyeshure bariko barakora umwimenyerezo mwishure

Iyo yegereyegere ikaba yitabiriye cane cane abigisha bo kumashure yegukira ishengero rya ekeleziya katolika asanzwe azwi neza mugutanga ubumenyi,aho twovuga nk’ishure ryisumbuye rya Alfajiri,Ishure ryisumbuye rya Cirezi,ishure ritoya rya Lestonnac hamwe n’ishure ryisumbuye rya Sainte Anne.

Uwuserukira urunani rw’abigisha bo muntara ya Sud-Kivu,Déo Kyalunda,amenyesha ko abigisha bahagaritse akazi kugira berekane ko batemera ibiheruka kuva mu cegeranyo cavuye mu mugwi ujejwe gutunganya imishahara.

Kubwa Déo Kyalunda,uwomurwi wakoreye mu kwaha kwa reta kubera ivyo baribasavye vyose atanakimwe bashoboye gukora kubera amahera basanzwe baheraniwe na reta   batarayaronswa ,ndetse bakaba baterekana ingene abigisha bashasha bazohembwa.

Naho amashure amwe amwe yakoze kumusi w’ejo,abavyeyi barafise amakenga ko nayandi mashure ashobora guhagarika ibikorwa,bagasaba reta ko yokwicarira ico kibazo.

You may also like...