Uganda ,uwuryamana nabo bahuje ibitsina yakubiswe nabanyagihugu bashaka kumwica.

Abanyagihugu bo muri Uganda ,mu gisagara ca Kampala birundaniye hamwe bakubita umusore bamuziza kuba ari umwe  basanzwe baryamana bahuje ibitsina(gay).

Aba banyagihugu basanze uyu musore mu nkambi y’ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya Politike (  gay refugees care NGO),aho yari yahahungiye kubera gutinya kwica nabamwe mubasanzwe batemera iyo mico yo kuryamana hagati yabahuje ibitsina.

Uyu musore yakubiswe gushika aho ahakwa kwitaba Imana

Ikubitwa ry’uyu musore rikaba ryimarijwe n’abasanzwe bajejwe agateka kazina muntu niringanira ry’ibitsina mu gihugu ca Uganda .

Kubwa Winnie Byanyima asanzwe arongoye Oxfam kw’isi yose akaba n’umwe mubarwanira agateka kazina muntu muru Uganda yamenyesheje ko guhototera  abasanzwe bahuza ibitsina muri Uganda ari icaha gikomeye kuko abasanzwe bahuza ibitsina babisangiye  bafise uburenganzira bumwe nk’abandi banyagihugu bose ba Uganda .

Ibi bikaba bibaye inyuma yaho inama nshingamateka ya Uganda iherukiye gukorana ikemeza ko igiye gushiraho igihano c’urupfu kubazofatwa bari murico caha co guhuza ibitsina babisangiye ngo kuko binyuranye n’imico y’igihugu ca Uganda hamwe n’amategeko y’Imana.

You may also like...