Urutonde rw’abasirikare bakuru bakuru bagirizwa igandagurwa rya Ndadaye Melchior

Inyuma y’imyaka 26 iheze ,Ndadaye Melchior,umukuru w’igihugu wa mbere yatowe hubahirijwe ingendo
ya demokarasi agandaguwe,abarundi batari bake baripfuza kumenya uwahekuye uBurundi n’abarundi.

Petero Buyoya umwe mubagirizwa igandagurwa rya Melchior Ndadaye

Naho ubutungane bumaze kurengutsa bamwe mu bagirizwa igandagurwa rya nyenicubahiro Melchior Ndadaye, incungu ya demokarasi,igitigiri nyamwinshi ntibararenguka mubutungane.
Uru n’urutonde rwabamwe mubagirizwa igandagurwa ry’uwahoze ari umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye:
  • Major Petero Buyoya,yahoze ari umukuru w’igihugu incuro zibiri aciye munzira zo guhirika ubutegetsi (Cout d’Etat),niwe aza kwisonga z’abateguye igandagurwa rya Ndadaye,ariko ntarafatwa kandi ntarigera yitaba ubutungane.
  • Colonel Busokoza Bernard ,yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,ariko akaba ari mubuhungiro mu mahanga,akaba nawenyene atarashobora kwitaba ubutungane.
  • General celestin Ndayisaba,umukukuruke mu gisirikare c’uBurundi,yaramaze gufatwa akaba ari mu minwe y’ubutungane,akaba afungiwe mw’ibohero rya Muramvya
  • Colonel  Gabriel Gunungu,nawenyene yahoze ari umusirikare,akaba yaramaze gukukuruka,yarafashwe akaba amaze gushirwa imbere y’intahe,akaba afungiwe mw’ibohero rya Ngozi,
  • Colonel Laurent Niyonkuru,umukukuruke mugisirikare ,nawenyene akaba ari muminwe y’ubutungane,akaba abarizwa mw’ibohero rya Gitega,
  • Colonel Anicet Nahigombeye,nawenye n’umukukuruke mu gisirikare c’uBurundi,nawe nyene abarizwa mu minwe y’ubutungane,akaba afungiwe mw’ibohero rya Muyinga.
  • Colonel Pascal Simbanduku,umukukuruke mu gisirikare c’uBurundi,ntarafatwa ngo ashikirizwe ubutungane,
  • Colonel Alfred Nkurunziza ,nawenyene yahoze mungabo zigisirikare c’uBurundi,nawenyene ntarashobora gufatwa ngo ashikirizwe ubutungane,
  • Major Mamert Sinarinzi,nawenyene aracaronderwa n’ubutungane
  • Major Jean Bosco Daradangwe,nawenyene ntarafatwa ngo ashirwe imbere y’ubutungane
  • Colonel Niyungeko Vincent,nawenyene ntarashobora gushika imbere y’intahe
  • Colonel Juvenal Nzosaba,
  • Colonel Janvier Baribwegure
  • Major Jean Ngomirakiza

You may also like...