Afrique-Russie: Putin ati”ndababazwa n’ingene ibihugu vya Amerika n’uburayi bishira igikenye n’agakengere kubanya Africa.

Inama y’ivyubutunzi iriko irahuza abakuru b’ibihugu vya Africa n’igihugu c’uburusiya,(Sommet Afrique-Russie),umukuru w’igihugu c’uburusiya Vladmir Putin,mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iyi nama,hari ivyo yemeye gukorera ibihugu vya Africa.

Vladmir Putin,umukuru w’igihugu c’uburusiya na Al Sisi,umukuru w’igihugu ca Misiri bugurura inama ya Sommet Russie-Afrique

Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iyi nama,Vladmir Putin,umukuru w’igihugu c’uburusiya yamenyesheje abakuru b’ibihugu  n’abandi banyecubahiro baje baserukiye ibihugu vyabo ko igihugu ciwe c’uburusiya citeguriye kugira n’iramigenderanire myiza n’ibihugu vyose vyo muri africa hatarinze kwisungwa imvo za poritike canke ibindi.

Putin ati :ndababazwa n’ingene ibihugu vya Amerika n’uburayi bishira igikenye n’agakengere kubihugu vya Afrika mukubifatira ibihano muvyubutunzi  bakibagira ko ari ibihugu vyigenga kandi vyikukiye.

Mwokwibuka ko muri iyo nama yuguruwe icese kuri uyu wa 23 Gitugutu 2019 mu gisagara ca Sotchi,igihugu c’uBurundi caserukiwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Dr Ir Joseph Butore,amwe na Gen. Alain Guillaume Bunyoni,asanzwe ari umushikiranganji w’umutekano no gukinga ibiza.

Dr Ir Joseph Butore mugihe yari kukibuga c’indege agiye mu gihugu ca Russia

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook

You may also like...