Ubuhinde ,Umupadiri wa Katorika yafashe kunguvu umubikira aca atabwa mu mvuto

Franco Mulakkal ,umwungere w’ishengere rya Katorika mu Ntara ya Punjab mu gisagara ca Jalandhar yajanwe imbere y’ubutungane azira gufata kunguvu umwe mubabikira bari basanzwe bakora ibikora vyabihebeye Imana kw’isengero rya St. Mary’s Cathedral aho uyu mu Padiri yarasanzwe akorera.

Ifatwa ry’uyu mupadiri Franco Mulakkal ryabaye inyuma yaho umwe mu babikira (Nun ) yarasanzwe akorera muri St. Mary’s Cathedral amwagiririje ko yamufashe kunguvu ikiringo c’imyaka 2 hagati y’umwaka wa 2014 na 2016.

Patiri  Franco Mulakkal mugihe yafatwa naba polisi bo mu gisagara ca Jalandhar

Kuruhande rwa Padiri Franco Mulakkal yabwiye abajejwe umutekano bo mu gisagara ca Jalandhar kwivyo ariko aragirizwa n’uyu mubikira ari ibinyoma abaho bifatiye na gatoya.

Tubibutse ko mucegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu Commonwealth Human Rights Initiative (CHRI ) casize ahabona mu mwaka wa 2019 camenyesheje ko mu gihugu c’uBuhinde hafatwa ku nguvu abagore 106 buri musi

.

You may also like...