Ubwongereza: Ibiziga 39 vyafatiwe mu modoka itwara imizigo

Mu gihugu c’ubwongereza,abajejwe umutekano bazindutse bamenyesha ko bafashe imodoka yari ipakiye ibiziga 39 vy’abantu.

Imodoka yafatiwe mu gisagara ca Essex ipakiye ibiziga 39 vy’abantu

Ivyo bikaba vyabaye kuruyu musi wa gatatu igenekerezo rya 23 Gitugutu 2019,aho imodoko yo mubwoko bwa camion,isanzwe itwara imizigo yafatirwa mu gisagara ca Essex ipakiye ibiziga vy’abantu bishika ku 39.

Iyo modoka ikaba yafatiwe muri ico gihugu c’ubwongereza mugihe yari yinjiye muri icogihugu kumusi wa gatandatu,igenekerezo rya 19 Gitugutu 2019 ivuye mu gihugu ca Bulgarie.

Andrew Mariner,umukuru w’ikirindiro c’igipolisi comugisagara ca Essex,amenyesha ko bibabaje cane kubona abantu bangana uko bapfa munzira zitazwi,ariko akongerako bariko barakora amatohoza kugira bashobore kumenya amazina y’abantu bose babonetse bapfiriye muri iyo modoka.

Uwo mukuru w’ikirindiro c’igipolisi ca Essex,asaba umuntu wese yogira ico amenya kuri ubwo bwicanyi kwegera inzego z’umutekano kugira bashobore gukora amatohoza neza,ndetse akaba yarangije amenyesha ko umusore w’imyaka 25 yarasanzwe ariko aranyonga iyo modoka yamaze gufata,ndetse akaba ariko arahatwa ibibazo kugira ukuri gushobore kuja ahabona kuri ubwo bwicanyi.

You may also like...