Uganda:umugore yasambanye hanze y’urugo, umugabo amuhanisha kumwicisha umuhini w’isuka.

Mu gihugu ca Uganda,igipolisi co mugisagara ca Omoro cafashe umugabo yagirizwa kwica uwahora ari umutambukanyi wiwe amuhora ubusambanyi.

Aho n’ahabereye ubwicanyi

Geoffrey Olanya,umugabo w’imyaka 35 y’amavuka,niwe yafashwe n’inzego zijejwe umutekano zimwagiriza kwica uwahora ari umutambukanyi wiwe azwi kumazina ya Christine Ajok umuvyeyi w’abana babiri,amwagiriza ko amaze imisi asohokana n’uwundi mugabo.

Vyatanguye mw’ijoro ryo kuruyu wa kabiri aho Geoffrey Olanya,yatangura guharira n’umugore wiwe amwagiriza ko amaze imisi asohokana n’uwundi mugabo,niho yamukubita umuhini w’isuka mumutwe aca aracikana.

Umukuru w’ikirindiro c’igipolisi comugace ka Awa,Jimmy Patrick Okema,amenyesha ko Geoffrey Olanya yafashwe mu gihe yariko aragerageza guhunga inyuma yaho ahejeje gukora iryo bara,kandi ko ikiziga ca Christine Ajok caciye kijanwa muburuhukiro bw’ibitaro vya Gulu.

You may also like...