Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ariko arakoresha inama abaserukira abandi mubushikiranganji bwo kwivuna abansi,bw’umutekano,bw’ubutungane n’intwaro yo hagati mugihugu

Kuruyu wagatatu,igenekerezo rya 23 Gitugutu,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ariko arakoresha inama abaserukira abandi mubushikiranganji bwokwivuna abansi,mubushikiranganji bw’umutekano,mubushikiranganji bw’ubutungane,no mubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Abasirikare bitavye inama y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza i Mubimbi

Muri iyo nama iriko irabera muri komine Mubimbi y’intara ya Bujumbura,abenshi bita Bujumbura rural,yitabwe n’abagize inzego z’umutekano batandukanye ,bakaba bariko bararabirahamwe ingene umutekano wifashe muri rusangi mu gihugu cose.

Abapolisi bitavye inama y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza muri komine ya Mubimbi

Muri iyo nama kandi bakaba barabiye hamwe ingene hokongerezwa amande kubantu bagize impanuka y’imodoka mugihe baba basomye utuyoga turenze(baborewe) canke bariko baravugira kuri terefone ngendanwa ugasanga bahitanye ubuzima bw’abantu binzira karengane.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza n’abashikiranganji.

Ivyo bikazotuma ingendo yokunyonga imodoka abantu banyoye utuyoga canke bariko baravugira kumaterefone ipunguka.

Mwokwibuka ko imbere yo gutangura iyo nama,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yabanje gutanga imfashanyo igizwe n’umuceri kuri bantahonikora bo muri iyo komine,aho umuryango waronswa ibiro 10 vy’umuceri.

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook

You may also like...