Bujumbura:Petero Nkurunziza yuguruye icese inama y’isi yose igira 2 y’abakenyezi b’imboneza (Femmes leaders)

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,kuruyu wa kane,igenekerezo rya 24 Gitugutu 2019,yuguruye icese inama y’isi yose igira 2 y’abakenyezi b’Imboneza,ico bise “femmes leaders” mu rurimi rw’ikinofunofu.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aho yariko arugurura inama y’abakenyezi.

Iyo nama ikaba yitabwe n’abakenyezi bakomakomeye kw’isi,aho ndetse harimwo n’abakenyezi b’abakuru b’ibihugu bitandukanye n’abandi bakenyezi basanzwe bafise ivyicaro bihambaye mu mashirahamwe mpuzamakungu.

Denize Nkurunziza n’abandi batambukanyi b’abakuru bibihugu bitavye iyo nama

Mubakenyezi bakomakomeye bamaze gushika muri iyo nama,aha twovuga ,umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca centrafrica Marguerite Touadera,umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Congo Brazzaville Antoinette Sassou Nguesso, Salma Kikwete umutambukanyi w’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Kikwete , Bintou Keita,icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe  mpuzamakungu ONU,hamwe n’abandi bakenyezi bavuye mubihugu vya Kenya,South Africa,Senegal,Belgique,Niger,Tanzanie,Australie,n’ahandi.

Bamwe mu bakenyezi bitavye inama

Iyo nama yatanguye kuruyu musi  wa kane igenekerezo rya 24 Gitugutu 2019,izosozerwa kumusi wa gatandatu,igenekerezo rya 26 Gitugutu 2019,

Mwokwibukako iyo nama yateguwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’uBurundi,Deniza Nkurunziza.

You may also like...