Rwanda: Kubera urwamo rwamasase mwishamba rya nyungwe Inguge zo murwanda ziguma zihunga

Inyuma yaho mu gihugu c’uRwanda hamaze imisi hibonekeza imirwi yitwaje ibirwanisho itana mu mitwe n’abasirikare bico gihugu mumashamba amwe amwe asanzwe abamwo ibikoko bitandukanye,inguge zatanguye kwihungira..

Izo nizimwe mu Nguge zo mugihugu c’uRwanda

Nkuko bimenyeshwa n’ubuyobozi bw’ikigo gisanzwe kibamwo inguge mugihugu c’ubuganda,Mgahinga Gorilla National Park,inguge zishika kuri 20 ziramaze gushika muri ico kigo zivuye mugihugu c’uRwanda aho zarizisanzwe ziba mu kigo cazo citwa The Hirwa family co  mw’ishamba ry’ahitwa Kinigi,ndetse zikaba zimaze imisi irenga indwi zishitse.

Zimwe mu nguge zavuye mu Rwanda zihungira mu gihugu ca Uganda

Izo nguge  zikaba zatanguye guhunga kuva kw’igenekerezo rya 7 Gitugutugu 2019, inyuma yaho abarwanyi bari baraye bakoze igitero mw’ijoro ryo kumusi wa gatandatu,igenekerezo rya 6 Gitugutu 2019 muri ico gihugu ndetse amasase menshi akaba yarasamiranye hagati y’abarwanyi n’igisirikare c’uRwanda mugasagara kitwa Kinigi,hafi yaho inzo Nguge zisanzwe zicungiwe .

Ivyo bikaba vyatanguye kuvugisha abatari bake muri ico gihugu,kubera izo Nguge zisanzwe ari kimwe mubintu bikomeye igihugu c’uRwanda kironkeramwo amahera y’agaciro (amadorare) kubera ingenzi ziva mu bihugu bitandukanye ziza kuziraba kandi zikariha ayomahera y’agaciro kugira zishobore kuronka uburenganzira bwo kuziraba.

Zimwe mu Nguge zahungiye muri Uganda zivuye mu Rwanda

Mwokwibuka ko igihugu c’uRwanda na Uganda bisanzwe bifitaniye amasezerano avugako mugihe inguge zirenze umupaka zikaja muri kimwe muri ivyo bihugu,bitegekanijwe ko igihugu cazakiriye n’igihugu zaje zivuyemwo bategerezwa kugabura bakanganya aamahera aba yatanzwe n’ingenzi ziba zaje kuziraba.

Ariko muri ikigihe hari ikibazo kidasanzwe kubera igiciro co kuraba inguge mu Rwanda no muri Uganda kiratandukanye cane kubera mu rwanda uwuje kuraba inguge ategerezwa kuriha 1500$ vy’amadorare mugihe mugihugu ca Uganda ingenzi iriha amahera 600$ y’amadorare y’abanyamerika gusa.

You may also like...