UBurundi ,uRwanda , Uganda na RDC bemeye kuja hamwe kugira batuze imirwi yabarwanyi mu karere kibiyaga binini.

Muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo,neza na neza mu gisagara ca Goma,hariko harabera inama y’umutekano ihurikiyemwo abakuru b’ibisirikare vy’uRwanda,uBurundi,Uganda na repuburika iharanira intwaro ya Congo.

Muri iyo nama yatanguye kuruyu wa kane igenekerezo rya 24 Gitugutu 2019 mu gisagara ca Goma,abakuru b’ibisirikare vyivyo bihugu bariko bararabirahamwe ingene boshira ibguvu hamwe kugira bashobore gutuza imirwi y’abarwanyi muri kano karere k’ibiyaga binini na cane cane mu gihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Ifoto yerekana abasirikare ba Repuburika iharanira Intwaro rusangi ya CONGO ,bari mu mirwano n’umwe mu mirwi isanzwe ikorera muri RDC uzwi nka Mai Mai

Muri iyo nama hakaba hatumiwe n’abaserukira abandi mu basirikare ba MONUSCO basanzwe bari mugihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu mugambi wo kugarukana amahoro,ndetse bakaba banatumiye n’ingabo z’igisirikare ca Amerika muri Africa (AFRICOM)

Iyo nama ikaba ije ikurikira iyindi yaheruka kuba mukwezi kwa Nyakanga 2019,aho abo bakuru b’ibisirikare vyivyo bihugu bari bakoranye kugira bashobore kurabirahamwe ingene bohagurukira imirwi y’abarwanyi muri kano karere.

Abasirikare bakomakomeye bari munama i Goma yo gutuza abarwanyi muri Congo

Bikaba bitegekanijwe ko muri iyi nama barabirahamwe ingene ingene boshinga ibiro bikuru vya gsirikare bihurikiyemwo abasirikare bo mu Rwanda,mu Burundi,ba Uganda na RDC,ntumbero yo gushira inguvu hamwe kugira batuze burundu imirwi y’abarwanyi yigize ndanse mukarere k’ibiyaga binini.

Mwomenya ko bamwe mubaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike muri RDC,batabona kumwe uwo mugambi.

Thomas d’Aquin Muiti,icegera c’uwurongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike muri RDC,amenyesha yisunze ivyigeze kuba muri kahise,adashigikiye ukujahamwe kwivyo bihugu kubera barigeze kuja hamwe muwundi mugambi ariko ntacavuyemwo.

Me Omar Kavota,umukuru w’ishirahamwe CEPADHO (Centre d’étude pour la promotion de la Paix, la démocratie et les droits de l’homme ) muri RDC,wewe avuga ko ashigikiye cane uwomugambi kugira ibihugu iyo mihari ivamwo bishobore gufasha mukuyirandurana n’imizi.

You may also like...