Uganda:Imvura ivanze n’umuyaga,yasize imiryango y’abapolisi yifumbereje

Mwijoro ryo kuruyu wa 23 rishira 24 gitugutu 2019,mugihugu ca Uganda haraye haguye uruvura rwinshi cane ruvanze n’umuyaga,rukaba rwarahitanye amazu atari make.

Umwe muba polisi yabomorewe inzu n’imvura

Amwe mu mazu yahitanywe nurwo ruvura,n’amazu asanzwe abamwo imiryango y’abapolisi bo kukirindiro c’igipolisi ca Kamengo mu gisagara ca Mpigi.

ASP Yudaya Mugoya,asanzwe arongoye ikirindiro c’igipolisi ca Kamengo,amenyesha ko yamaze gutanga raporo kubamukurira kuvyaraye bibaye,ariko akaba atanyishu itomoye baronse kandi imiryango itari mike ikaba itararonka aho ikika umusaya.

Umwe muba polisi batakigira aho bakika umusaya kubera imvura

Uwomukuru w’ikirindiro ca polisi akaba yamenyesheje ko kiretse abakomeretse,ntamuntu numwe yahasize ubuzima ariko ibikoresho vyo munzu vyovyo bikaba vyahatikiriye.

Senkayi Muhammad,umwe mubapolisi baba muri ico kigo aribaza igene agiye kubigenza kuko abona reta ataco yashatse kubafasha kandi bahuye n’ivyago.

Mwokwibuka ko iyo mvura yabomoye amazu atari make muri ico gihigug yaguye ikiringo kirenga amasaha abiri yose.

You may also like...