Uganda:Museveni yitavye inama muburusiya kubera ubusaza ashika munama aca arasinzira

Munama y’ivyubutunzi iriko irahuza abakuru b’ibihugu  vyo kumugabane wa Africa n’igihugu c’uburusiya,ico bise Sommet Russie-Afrique,Museveni yashitse munama aca arasinzira.

Yoweri Kaguta Museveni yashitse munama i Sotchi aca arasinzira

Muri iyo nama yatanguye ku musi w’ejo igenekerezo rya 23 Gitugutu 2019, iriko irabera mu gisagara ca Sotchi mu gihugu c’uburusiya,mu gihe abandi bakuru b’ibihugu vyo kumugabane wa Africa bariko baraganira ingene hoshirwaho imigenderanire myiza no gufashanya hagati y’igihugu c’uburusiya n’ibihugu vya Africa,umukuru w’igihugu c’ubuganda Yoweri Kaguta Museveni kubera ubusaza wewe yarasinziriye ataco yinona.

Abandi bakuru b’ibihugu vya Africa bariko barakurikirana inama.

Mwokwibuka ko Yoweri Kaguta Museveni ,umukuru w’igihugu ca Uganda ari mubakuru b’ibihugu bashaje kuko afise imya 75 y’amavuka,kandi akaba amaze imyaka 33 ari umukuru w’igihugu ca Uganda kuko yagiye kubutegetsi kuva mu mwaka wa 1986,akaba ariwe agitwara gushika uyumusi.

Bikaba bitegekanijwe ko mumatora ategekanywa kuba muri ico gihugu mu mwaka wa 2021,Museveni azosubira kwitoza nkuko yamaze kubimenyesha.

You may also like...